Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsHoba hari umugambi w’uguhagarika Agathon Rwasa imbere y’amatora kugirango bamufunge

Hoba hari umugambi w’uguhagarika Agathon Rwasa imbere y’amatora kugirango bamufunge

Umugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu uragabisha ku mugambi woba uhari wo guhagarika Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL, agatabwa mu mvuto, imbere y’uko amatora aba. Muri uwo mugambwe bamenyesha ko ari mu ntumbero yo kumukura ku rubuga rwa poritike, bakagabisha abarundi n’amakungu ku ngaruka vyozana.

Mu gihe Uburundi buriko bwitegurira amatora mu 2015, ubutegetsi bw’i Bujumbura bwagirizwa ko buriko bukora ibishoboka vyose kugira bukure ku rubuga rwa poritike umuntu wese yiteguriye guhiganwa n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Mu mugambwe FNL utemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu rwandiko basohoye kuri uwu wa gatanu, bavuga ko muri abo bariko bategurirwa ivyo bita “amarementanya”, harimwo umukuru w’umugambwe FNL, Rwasa Agathon atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri uwo mugambwe bemeza ko kuva kw’igenekerezo rya cumi Munyonyo 2014, bafise amakuru yizewe ko igendereza ry’Uburundi ryahawe igikorwa c’uguhagarika Rwasa Agathon, bamwagiriza ubwicanyi bw’Abanyamulenge bwabereye mu Gatumba mw’ijoro ryo kuwa 12 rishira iryo kuwa 13 Myandagaro 2004, bagatangazwa n’ingene iyo dosiye y’Abanyamulenge yama igaruka uko amatora ageze, ahubwo bakabona ko ari icitwazo c’ukugira umugambwe CNDD FDD ntuzoronke abo bahiganwa b’igihagararo mu matora.

agathon rwasa

Nk’uko tubikura muri iryo tangazo, umugambwe FNL uvuga ko bitumvikana ingene mu bwicanyi bwose bwabaye mu Burundi, ubutungane bwoguma bugaruka ku bwabereye mu Gatumba gusa, kandi mu masezerano y’i Arusha bumvikanye ko ubwicanyi nk’ubwo buzokwigwa na sentare idasanzwe ijejwe ubwicanyi bwabaye mu Burundi.

Mu mugambwe FNL baragaruka ku bundi bwicanyi bwakozwe imbere y’ubwo mu Gatumba, abatwara igihugu ubu bakaba baravyiyemereye, ariko ubutungane bukaba butabakomakoma. Aho bakavuga abanyeshure bo mw’isemirari y’i Buta bagandaguwe n’abarwanyi ba FDD ku genekerezo rya mbere Rusama 1997. Inyuma y’aho gato, mu kwezi kwa Mukakaro 1996, abanyagihugu amajana baragandagurwa n’abarwanyi ba FDD i Bugendana (muri abo bapfuye harimwo na Musenyeri Yohakimu RUHUNA yari arongoye diyoseze nkuru ya Gitega), aho hose, NDIHO Jérôme yari umuvugizi wa FDD akaba atahengeshanije kwimera ko abarwanyi ba FDD aribo bakoze ubwo bwicanyi.

rwasa
Muri iryo tangazo bati :”Ntivyumvikana ingene hokurikiranwa uwutigeze yiyitirira ubwicanyi bwo mu Gatumba”, bakibutsa ko umugambwe FNL utigeze ubwemanga, bagasaba ko uwabwemeye yokurikiranwa ku gatwe kiwe (Pasteur Habimana, uwari umuvugizi wa FNL). Nk’uko tubandanya tubikura muri iryo tangazo, mu mugambwe FNL basaba ko uwo mugambi wo guta mu mvuto Rwasa Agathon wohagarara, bakibutsa ko mu masezerano y’uguhagarika intambara yateweko umukono, Rwasa Agathon hamwe na Petero Nkurunziza yari yaciriwe urubanza rwo gupfa, bahawe ubudahangarwa vy’agateganyo, mu kurindira sentare idasanzwe ku Burundi, ari nayo izosigura ubwicanyi bwakozwe mu Burundi kuva mu 1962 gushika mu 2006, nk’uko biri mu masezerano Reta y’Uburundi yateyeko umukono hamwe n’imirwi yahoze irwanya ubutegetsi.

Muri tangazo baragabisha ku ngaruka zoshika mu gihe Rwasa Agathon n’abandi bashaka guhiganwa na CNDD FDD bokurwa ku rubuga rwa poritike, bagasaba inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko yokora ibishoboka vyose, kugira Uburundi ntibusubire mu ndyane zivuye ku muntu umwe gusa “adashaka gusubira ubutegetsi”, kubera ubwoba bw’uguhiganwa.

Sources : Igihe

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments