Hillary Onek : « Uko Umutekano Wifashe Mu Burundi Kuratuma Impunzi Z’Abarundi Zitohunguka »

0

Umushikiranganji wo mu Gihugu ca Uganda ajejwe ivy’impunzi muri ico gihugu, Hillary Onek, yamenyesheje mu kinyamakuru gikorera kuri internet « The Observer » ko umutekano mu Burundi ucihwezwa neza ko ari mwiza ko impunzi zohunguka.

Kuri Hillary Onek, n’ibitumvikana ko impunzi z’Abarundi bahungiye mw’ico gihugu ca Uganda bosabwa ko bohunguka kubera umutekano muke ukibandanya uvugwa mu Burundi.

Uyo mushikranganji wo mu Buganda abivuze haheze amezi abiri habaye urugendo rwabategetsi bavuye mu Burundi baja mu buganda rwari rurongowe n’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye, kugira bagereageze kwumvisha impunzi z’Abarundi bahungiye mwico gihugu ko bohunguka mu gihugu cabo c’amavukiro.

Hillary Onek, umushikiranganji ajejwe ivy’impunzi mu Buganda

Umushikranganji Barandagiye yari yamenyesheje ko amahoro ahari,ko botahuka bagafasha mu gusanura igihugu cabibarutse. Kubwa Hillary Onek, abo bategetsi b’Uburundi bariko bikorera akazi kabo ko kuburanira igihugu cabo.

Kuva Pierre Nkurunziza atangaje ko yokwitoje mu kindi kiringo cahaririweko gose itariki 26 Ndamukiza 2015, Abarundi barenga 400 000 barahungiye mu bihugu bibanyi, abashika nka 200 000 bakaba bahungiye mu gihugu ca Tanzania, abashika nka 50 000 bahungiye mu gihugu c’Urwanda, abasigaye bakaba bahungiye mu Buganda na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here