HCR isaba imfashanyo ingana na miliyoni 222 US $ yo gufasha impunzi z’Abarundi

0

Mu gihe ikibazo c’impunzi z’Abarundi kibandanije kivugisha reta ya Ndayishimiye n’Ishirahamwe ryitaho impunzi kwisi, HCR, imfashanyo ihabwa izo mpunzi ibandanya ikena.

Iryo Shirahamwe ryitaho impunzi kw,isi riratabariza impunzi z’Abarundi ko hogira abagira neza bitanga kubwizo mpunzi.

HCR ikaba imenyesha ko imfashanyo ikenewe kuri izo mpunzi ishika ku miliyoni 322 y’amadolari ya Amerika.

Ayo mafaranga agiye mu mafaranga y’amarundi arenga imiliyaridi 1000 FBU (ayababa hafi ayo reta y’Uburundi ikoresha ku mwaka).

Izo mpunzi z’Abarundi zitabarizwa na HCR zishika ku 315 000 ziri mu bihugu bibanyi n’Uburundi.

Naho habaye ibisikanya ku butegetsi mu mwaka wa 2020, abarundi batari bake ntibariyumvamwo gutaha mu gihugu c’amavukiro.

Mwomenya ko Abarundi bahunze igihugu basabagiye mu bihugu nka Tanzania, RDC, Rwanda, Uganda nahandi.