HCR Iragabisha ko Ingorane Zihanze Impunzi Z’Abarundi Zizokwiyongera Mu Mpera Za 2017.

0
Leo Dobbs, Umuvugizi wa HCR i GENEVE

Itariki 20 za Ruheshi buri mwaka nihohama hahimbazwa Umusi mukuru wahariwe impunzi kwisi. Uwo musi mukuru ukaba wahimbajwe ku musi wa kabiri muri iyi ndwi turimwo.Abarundi batari bake baracari impunzi mu bihugu vyo muri kano karere, kandi barabandanya bahunga, nkuko HCR ibimenyesha.

Ibiro vya HCR bivuga ko igitigiri c’impunzi z’abarundi zimaze guhunga gushika ubu ari 430 000. Iri shirahamwe ryitaho impunzi kwisi riragabisha ko ingorane zihanze impunzi z’Abarundi zizokwiyongera mu mpera zuwu mwaka turimwo wa 2017, kandi ko ingorane zihanze impunzi z’Aburundi zizoba ziri mu kibanza ca gatatu mu biraje ishinga HCR.

Kugera kumusi wa mbere itariki 19 za Ruheshi, ibiro vya HCR vyari bimaze guharura igitigiri c’impunzi z’Abarundi zimaze guhunga 427 350.Igihugu ca Tanzania kikaba kiza ubwa mbere,kikaba kimaze kwakira abarundi 244 354, Urwanda narwo 86 464. U Buganda hari 48 439, RDC ikaba iharura impunzi z’abarundi zahunze 37 354, muri Kenya naho hari 6 086, Mozambike nayo ikaba ifise 1908, Zambia ikaba ifise 1873 hama Malawi nayo ikaba ifise 1099, nkuko tubikesha ibitigiri vya HCR.

HCR ikaba ibona ko gushika mu mpera za 2017, izoba imaze kwandika impunzi z’abarundi zahunze zishika kuri 534 000, kubera ko bigaragara ko abarundi babandanya bahunga.

Impunzi z’abarundi nyishi zibayeho nabi mu makambi y’impunzi

Ku bwa HCR, amafaranga ashika ku madolari y’Abanyamerika imilioni 250( 250 000 000 USD, nkamarundi arenga imiliyaridi 500) arakenewe kugira impunzi z’Abarundi zishobore gufashwa mu ngorane barimwo. Abana b’impunzi z’abarundi bariko biga mu mimerere mibi gose, nkuko HCR ibandanya ibimenyesha. HCR ikaba imenyesha nkakarorero ko “muri Tanzania hakenewe nk’amasomero arenga amajana atandatu akenewe kugira ngo abana bareke kwigira munsi y’ibiti”.

Nkuko HCR ibandanya ibimenyesha, nimpunzi zabarundi zahungiye muri Kongo ntizorohewe na rirya bakiri mu nkambi y’imfatakibanza, iyindi ikaba itaratunganywa kubera kubura ivya nkenerwa.

Ibiro vya HCR birasaba abajejwe gufasha bose kugira bafashe ibihugu vyakiriye impunzi z’abarundi. HCR kandi irasaba ibihugu bibanyi n’Uburundi kuguma buguruyer imbibe kugirango abarundi babandanuya bahunga baronka aho bashikira, na cane cane “ntihagire numwe ahohoterwa”.