HCR: Abarundi babandanya guhugunga igihugu

0

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko hari abarundi babandanya guhunga igihugu, baja mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi.

Umuvugizi wa HCR Leo Dobbs,avuga ko ubuzima bw’impunzi z’abarundi bubandanya kumera nabi, mu gihe ibihugu vyabakiriye bitokora ibishoboka kugira ibibanza vyakira impunzi vyagurwe.

Leo Dobbs amenyesha ko hari ivyegeranyo vyerekana ko mu Burundi hari abantu banyuruzwa abandi bakicwa hamwe n’abahohoterwa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ritah impunzi HCR rimenyesha ko muri uyu mwaka wa 2017,igitigiri c’impunzi gishobora gushika ku bantu ibihumbi amajana atanu.