Hariko harategurwa uwundi mugambi wo guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza ” soma ngaha wumve

0

Abapolisi hamwe n’abasirikare nibo bariko baregeranwa na General Leonard Ngendakumana kugirango bongere bahirike ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu cu Burundi Petero Nkurunziza.

arrest
Bamwe mu bafashwe igihe co gushaka gutembagaza ubutegetsi muu Burundi mu kwezi kwa 5

Ivyo bikaba vyemezwa nuwo mu general nyene aho we iyo ari mubuhungiro avuga ko bategerezwa gukora uko bashoboye kose kugirango Petero Nkurunziza ave kubutegetsi, ikindi naco nuko yagiriza Petero Nkurunziza ko abandanya yongereza urwanko rufatiye ku moko mu gucanishamwo abahutu n’abatutsi, no guha ibirwanisho urwaruka rwimbonerakure rwo mu mugambwe wiwe wa CNDD-FDD.

peter

UBM News tubibutse ko General Leonard Ngendakumana ahakana yivuye inyuma ko atagihugu na kimwe kiri kubafasha muruwo mugambi wo kurwanya Petero Nkurunziza, ikindi naco twobibutsa nuko kuva yaho umugambwe uri kubutegetsi utangarije ko Petero Nkurunziza azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu nuko abantu batari bake baharurwa mu bihumbi ijana bamaze guta ingo zabo, aho bamwe bahungira hanze y’igihugu batinya kwicwa hamwe nindyane zokwirikira inyuma yamatora y’umukuru w’igihugu.