UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Haribonekeza uruhigi ruriko rurakorwa ku banywanyi b’umugambwe MSD-Epitace Nshimirimana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi w’umugambwe MSD Epitace Nshimirimana amenyesha ko hariko haraba uruhigi ku banywanyi b’umugambwe MSD mu mihingo yose igize igihugu aho bamwe bamaze kwicwa abandi baborezwa igufa bikaba biriko bikorwa n’iperereza ry’uburundi bari kumwe na bamwe mu barongoye umugambwe uri kubutegetsi.


Nkuko bishikirizwa na Epitace asanzwe avugira umugambwe Msd,amenyesha ko hariko harakorwa uruhigi ku banywanyi b’umugambwe Msd bene kubikora akaba ari iperereza ry’uburundi bafadikanije na bamwe mu ndongozi z’umugambwe uri kubutegetsi.urwo ruhigi rukaba ruriko rurakorwa mu mihingo yose y’igihugu.
Epitace Nshimirimana agira ati:«Aha nokwibutsa ko Manirakiza Johnson batazira Biguvu wo mu ntara ya Gitega yamaze kugandagurwa anyurujwe n’iperereza hamwe n’uwutwara umugambwe mu ntara ya Gitega,umwana nizigama Coline umuvukanyi w’uwurongoye umugambwa Msd mu ntara ya Bujumbura yanyurujwe n’iperereza haraciye amezi ane,iyi ndwi turangije Gahungu Dieudonne w’igihanga ubu n’ikimuga kubwo amahiri yakubiswe aho yafashwe ararekurwa,inyanzalac naho umukuru w’umugambwe Msd Firmin Nzeyimana hamwe n’abandi banywanyi b’umugambwe MSD 2,Oscar na Munezero biriwe barahirwa buhongo n’abakozi b’iperereza,Firmin Na Oscar babatwaaye babicayeko.»

Mu mugambwe MSD bakaba biyamiriza ubwo bwicanyi hamwe no guhiga buhongo abanywanyi b’umugambwe MSD buriko bukorwa n’iperereza ry’uburundi.Epitace Nshimirimana avugira uwo mugambwe agira ati:«Mu mugambwe Msd turiyamirije iryo honyangwa ry’agateka kazina muntu n’itotezwa ririko rirakorerwa abanywanyi bacu hirya no hino mu gihugu.Leta yaraburabuje umugambwe MSD irabuza umugambwe Msd gukorera mu Burundi,irangaza indongozi z’umugambwe Msd kuva kumukuru w’umugambwe Alexis Sinduhije gushika kuri ba nyumba kumi tutibagiye abanyurujwe n’abishwe bose rero Leta n’ihagarike ubwo bwicanyi bw’inzirakarengane iri gukora.»

Umugambwe Msd utera akamo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye guharanira democrasi bavuga ko bagiye kurwanira ariko bakaba bariko bakora ibinyuranye nivyo bagiye mw’ishamba kurwanira.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments