Inyuma yo kuboneka mu giteramo ca Frankie Joe muri Kigali Serena hotel mw’iijoro ryo kuwa Gatanu igenekerezo rya 27 Ntwarante 2015,Kidum Kibido Kibuganizo, kuri uyu w’Imana yituye igipolisi gikorera ahitwa Nyarugenge mugisagara ca Kigali kurega Frankie Joe amwagiriza ubuhemu.
Kidum avuga ko yari yaje mu Rwanda abisabwe n’umuririmvyi Frankie Joe aje kumufasha mu giteramo ciwe hanyuma bavugana amadolari 4000 ariko abanza kwishurwa igice cayo(50%)hanyuma bumvikana ko ayandi azoyahabwa igiteramo giheze.Ariko rero siko vyagenze kuko kugeza ubu Kidumu atararonka amadolari 2000 yiwe ari naco catumye yitura inzego z’igipolisi.
Kidum ati “ Naje kumufasha nk’umuvukanyi, Frankie Joe ubwiwe niwe yansavye kuza kumufasha hanyuma dusezerana ayo ampa aca aba arampaye igice( 50%).Yansavye ko nza akampa ayasigaye mpejeje kuririmba ariko kugeza ubu yanse kuyampa yitwaje ibintu ntazi. »
Kidum abandanya avuga ko Frankie Joe n’abagenzi biwe bateguye igiteramo ca Serena hotel harimwo na nyene Papyrus bariko baranka kuyamuha bitwaje ko ngo yaciye aja kuririmba munzu y’ubutambiro Kaizen club ,ariko wewe akabifata nk’icitwazo kuko yaririmvye muri Kaizen club inyuma yo kurangiza amasezerano yari afitaniye na Frankie Joe yo kuririmba mu giteramo ciwe.
Kumusi w’imana igenekerezo rya 29 Ntwarante isaha icumi Kidum yategerezwa kwurira indege asubiye muri Kenya kubandanya ibikorwa vyiwe ariko aca arahinduza itike y’indege,aha akavuga ko ategerezwa gutaha iyo ngorane ivuye munzira ko ndetse ategerezwa no kurihwa umwanya wose yataye ndetse n’ibindi bikorwa bishobora gupfa kubera iyo ngorane afata nk’agasuzuguro gakomeye.
Ati “ Narasuzuguwe bikomeye. Kuva nshika nafashwe nabi kandi ari jewe yari yiteze ko ndamufasha mu vya music ariko nabonye umwanya munini yitayeho bagenzi biwe barikumwe muri Big Brother iheruka muri Afrika yepfo.So, naravyihanganiye ariko bigeze ku kibazo co kumpa ivyanje ntibikunda kuko nararirimvye neza kandi abantu barabibona…”
Abandanya agira ati “ Bavuga ngo bandihiye itike n’i hotel narayemwo ngo hanyuma nca nja kuririmba ahandi, ariko muvyukuri muri Kaizen hari ku w’undi musi ari igenekerezo rya 29 akazi kabo nagahejeje kandi ndabifitiye uruhusha.Ivyo kuvuga ngo bari bandihiye itike ngo abandi bose bankeneye bari kubanza kubacako bakabasaba uruhusha ni babanze bibuke ko nsanzwe nza mu Rwanda nirihiye itike, ariko kunsuzugura, kumfata nabi naje kugufasha, kukwereka urukundo,nibaza ko barenze akarimbi, birambabaje cane kubona ndiko mvugana n’abamenyeshamakuru ku ngorane ziri hagati yanje n’umuntu nafata nk’umuvukanyi”
K’uruhande rwa Frank Joe avuga ko imbere y’iminsi mike ngo Kidum agere mu Rwanda ngo yatangajwe no kubona hari ikindi giteramo yatumiwemwo kuri Kaizen Club.Frankie Joe avuga ko yaciye ahamagara Kidum amubaza igituma yemeye kwitabira ikindi giteramo i Kigali kandi azi neza ko ari we bafitaniye amasezerano.
Frankie Joe ati “Naramuterefonye ambwira ko ico giteramo kindi ataco azi nca ndamubwira ko gishobora kumbera intambamyi aca ambwira ngo ‘abagiteguye ntanuko abazi ariko yariko arambesha.Igitaramo giheze yategerezwa kuza muri After Party kuri Papyrus, twaramurondeye turamubura burundu.Munyuma niho twamenya ko yagiye kuririmba muri K Club. Yatwononeye amasezerano bikomeye, yarahemutse.”
Frankie joe n’abamufashije gutegura igiteramo ngo bamaze kumenya ko Kidum yononye amasezerano akemera kuririmbira muri Kaizen Club kandi azi neza ko mu masezerano bagiranye bitari birimwo ngo bamusavye ko mw’ijoro ryo kuwa Gatandatu igenekerezo rya 28 Ntwarante yoza kuririmba muri Papyrus aravyemera.Ngo yabasavye ko bamuha amadorali 500 barayamuha ndetse bamwemerera ko n’amadorali 2000 bari bamusigaraniye bayamuha mu gitondo buca ari ku musi w’Imana . Yashitse muri Papyrus isaha umunani z’ijoro aririmba iminota mike aca arigira bica bibabaza nyene inzu y’ubutambiro.
Kidum we avuga ko ngo yaririmvye muri Kaizen Club mu bucagucagu bwo kumusi w’imana igenekerezo rya 29 Ntwarante ngo kandi amasezerano bari bafitaniye n’abamuzanye i Kigali yaheze isaha zitandatu z’ijoro(00h00) ryo kumusi wa Gatandatu igenekerezo rya 28 Ntwarante.
[youtube id=”FzthKstHn-4″ align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]
SRC : Afrifame
Recent Comments