Hari abari mu mashirahamwe yigenga adashaka ko ibiganiro bibandanya

0

Saidi djinnit abona ko hoba habaye ukutabona kumwe ikibazo Bari barimwo aho yari umuhuza mu biganiro vyahuza leta na societe civil, we akamenyesha ko atigeze ahengamira ku rugande rwa petero nkurunziza nkuko ayo mashirahanwe adaharanira inyungu za politique yabivuga. ngw’ahubwo kubwiwe abona ko abari gusaba ko agenda ari Leta y’uburundi.

african-union-unitednations-said-djinnit (1)

Ahubwo akabona ko hoba hari abatashaka ko ivyo biganiro bibandanya, akaba yabiyagiye ikinyamakuru c’abafaransa RFI. Akanamenyesha ko yatangajwe nuko hari bamwe mu banyamigambwe bavuze ko batazi ivyarivyo.

Mwomenya ko uwo muhuza ari intumwa idasanzwe ya ONU muri bino bihugu vy’ibiyaga binini, akaba kandi yari yagenywe numunyamabanga wa ONU ngo abe umuhuza hagati ya Leta na abatunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca umukuru w’igihugu.