Haravugwa umutanzaniya yatowe ingwara coronavirus avuye i Burundi

0

Iyo nkuru ikaba yamenyeshejwe n’iradiyo y’abongereza BBC mu rurimi rw’igiswahili ikorera mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Ico kimenyeshamakuru kikavuga ko uyo yatowe iyo ngwara ari umuchoferi w’amacamion aja i Burundi. Mwomenya ko Uburundi ata ngwara ya coronavirus ibangamiye isi yahagaritse n’imirimo iratorwamwo nkuko abajejwe ubuvuzi babandanya babimenyesha, ariko mu gihugu ca Tanzaniya bakaba bamaze kuyitora kubashika 25.

Benshi m’Uburundi bakaba batashotse bemeza iyo nkuru kuko uyo mupaka wa Tanzaniya n’Uburundi hari iyindi mipaka n’ibindi bihugu nka Républika Iharanira Demokarasi ya Congo n’Urwanda. Bati ntacemeza ko yoba yaaynduriye i Burundi.

 

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukaba bwaciye busohora itangazo riciye kuri tweeter ko Leta y’Uburundi yatanguje amatohoza imenye neza aho uyo muntu yagiye araca kugira ikingire abenegihugu bayo mu gupima uwo wese yoba yarabonanye nawe nimba koko yaravuye i Burundi.