Happy Famba ariko akora urukurikirane rwitwa Never Change

0

Umuririmvyi w’umurundi Happy Famba ariko arakora urukurikirane rw’indirimbo ziwe,urukurikirane ruzoza rufise izina rya Never Change nkuko uyo muririmvyi yabishikirije mu kiganiro yatanze ku nsamirizi RFM,mu kiganiro Barakora,ikiganiro gica kuri iyo nsamirizi ku minsi yose ya mbere,iya gatatu niya gatanu.
famba
Happy Famba akaba yamenyesheje ko urwo rukurikirane ariko arukora n’ubuhinga bwinshi kandi yizeye ko ruzokundwa n’abatari bake kuko ngo muri urwo rukurikirane harimwo indirimbo ziryoshe,indirimbo yitondeye mu kwandika.
Happy Famba akaba ari umwe mu baririmvyi b’abarundi bakundwa cane.