Umuririmvyi rurangiranwa w’umurundi akunzwe cane abenshi bazi kwizina rya ” Happy Famba ” akomeje gutera imbere cane mu muziki akora kuko ubu indirimbo asohora ziguma zerekanwa mu bihugu bikomakomeye hamwe no muma Television akomeye kwisi.
Ivyo rero bikaba biherutse no kwibonekeza mu ndirimbo yiwe ikunzwe cane murino minsi ya ” Jigi jigiwe ” aho yerekanwe kuri Television ya Trace Tv ,imwe muma TV akomeye cane yerekana umuziki kw’isi yose .
Mu rwego rwo gushaka kumenya uko uno muririmvyi yavyakiriye, ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” twashimye kuganira nawe, aho mukiganiro yaduhaye yavuze ko abinezererewe ndetse ko ari umunezero kubarundi bose.
Happy Famba yagize ati : Nimefurai sana saa wamenitumia picture piko logo ya trace tv nimeshtuka kisha machozi yakanitembea mumacho juu yafuraha nyingi kwa sababu kunawazungu wako ulaya niwanamziki wanaliliaga kupita trace tv inashindikana, hata Tanzania Rwanda kusema wapite wamefanyizia production zao Nigeria ila mimi kilakitu nimefanyizia Burundi, sasa nisifa kwa sisi warundi wahapa nawenye kua inje ya inchi.
UBM News twobibutsa yuko ”Happy Famba ” ko abaye umuririmvyi wa mbere w’umurundi akoze isanamu ikerekanwa kuri Televison ikomeye kwisi ” Trace Tv ” ikindi naco nuko twokwibutsa ko Video yahinyanyuwe numwe mu bahinyanyuzi bakomeye mu Burundi ” Kent P ” asanzwe akora muri African Sounds Records.
Recent Comments