Hamwe ibintu bitohinduka intambara ikomeye ishobora kwaduka mu Burundi.

0

Intwaro ya CNDD-FDD uwovuga ko Imaze abantu ntiyoba yibeshe, abantu bapfa bishwe n’urwaruka rwimbonerakure baguma biyongera, abapolice bizwi kuba aribo bocungereye umutekano w’abanyagihugu ubu nibo babandanya kwica abantu nkuko bishakiye, igisirikare naco nkuko bimaze iminsi biboneka murino minsi, nabo basigaye birorerera iyo abantu bariko baricwa canke bariko barahohoterwa, aho tukavuga nkivyabaye uyu munsi aho abamenyeshamakuru ba Bonesha FM bakubaguwe barakubwitwa nimbonerakure ariko igisirikare cari ngaho ntanakimwe cigeze gikora kuko baguma birabira nkaho ataco bibabwiye.

viole

Ibintu ntivyifashe neza nagato mu Burundi kuburyo hamwe ibintu bitohinduka intambara ikomeye ishobora kwaduka mu Burundi, aho hose nikubera ikiringo kidaciye mu mategeko ca Petero Nkurunziza cugushaka kwitoza ubugira gatatu, benshi kugeza ubu bakaba bamaze kuhasiga ubuzima bazira kwiyamiriza ico kiringo.

UBM News tubibutse ko abahunga nabo baguma biyongera kuko ubu mu gihugu cu Rwanda impunzi zirenga ibihumbi 50 ( 50.000) nibo bamaze guhungirayo nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rifasha impuzi ( UNHCR )

uwishw

prot

Part-PAR-Par8170731-1-1-0

ibas

burundi-1_3301539b

[youtube id=”YNIrhF9yWnI” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]