Hampande yamwe yatokombera, iry’igitega ryahiye uruhande rumwe

0

Isoko nkuru ya Gitega yaraye ihatswe gusha ngo itokombere nkuko amakuru dukesha Bagenzi bacu bakorera muri iyo ntara babivuga. Iryo soko ryahiye mu gihe abarundi na bamwe mu ncuti zabo zo muri afrika yo hagati bari bafise ubwoba bwa nyamugigima yaraye yumvikanye muri ako gace k’umugabane wa Afrika.
IMG_20150807_173358
Uwo muriro wafashe igihande gikoreramwo abantu badandaza ibifungurwa nkuko ayo makuru adishikira abivuga, ako gace bakakita ku kabasazi. Abavyeyi hamwe n’abasanzwe bakorera muri ako gace kugira baronke icorirenza ubu ngo bikoreye amaboko nk’ababuze abavyeyi.

Iryo soko rikaba rigiye mu gitigiri c’ayandi masoko Atari make agize igihe asha uhereye ku rikuru ry’igisagara ca Bujumbura ryahiye abarundi bakikorera amaboko kuko bari baburiyemwo ivyabo bitari bike. Ayo masoko asha hakaba hataramenyekana impamvu.