Hamenyekanye umugambi unyegeje uriko urategurwa na Leta yu Burundi

0

Ngo hoba hariho umugambi unyegeje uri inyuma y’Itegeko ritegekanya ibiganiro bihuza Abarundi riherutse gushirwako umukono n’Umukuru w’Igihugu, ngo kuko iryo tegeko ngo ryoba rifise intumbero yo guhindura ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha.

rufyiri

Ivyo bishikirizwa na Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe rigwanya ibiturire OLUCOME. Mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, Gabriel RUFYIRI yemeza ko iryo tegeko rikumira abegwa n’ibibazo vya politike bihanze Uburundi bamwe bamwe.

Kubwa Gabriel RUFYIRI ngo ingorane zihanze Uburundi ntizishobora gutorerwa inyishu impande zose zitumvirijwe. Uwo arongoye OLUCOME yibutsa ko ibiganiro bisa n’ivyo leta iriko irategura, vyarigeze gutegurwa na leta mu 1990. Ngo ariko ntaco vyashitseko kubera impande zose zegwa n’ibibazo vyari bihanze igihugu ico gihe zitari zagishijwe inama.

peter

RUFYIRI asaba impande zishamiranye kwumvikana kw’izina ry’umuhuza n’ikibanza ibiganiro vyoberamwo kugira Uburundi buronke amahoro.