UBM News ads

Hamenyekanye ukuntu M23 ipanga gukuraho ubutegetsi bwa Felix Tshisekedi ! Congo idahinduye bino bintu bashobora kwisanga mu mazi abira.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hari abatubajije bati,”Mbega Congo inanirirwa hehe kurwanya AFC/M23?”

Aha ico mwomenya coco,Congo yuzuyemwo abahemu kuva mu nzego zo Politique gushika mu nzego z’Umutekano!
Kuva mu nzego zo hejuru gushika mu nzego hasi,
Guhera muri Présidence gushika kuri Nyumbakumi!

Congo yatanguye guhemukirwa na Laurent Désiré KABILA 1995 igihe yemerera Urwanda na Uganda ko bamufasha gukuraho Leta ya Mobutu.
Ego Mobutu nawe Zaïre yiwe yari yarayishe nabi,amafranga ntagaciro yarafise,buri mezi atatu aheze yaca ahindura amahera,arakora inoti gushika ku noti ya 1.000.000frz(umuriyoni)kandi iyo ntiyagura n’umufuko w’amakara.
Abanyagihugu bari mu buzima bugoye cane.

Ibiturire vyari vyinshi,abasoda biwe ntibahembwa,wasanga bambaye Uniforme ziriko ibiraka kw’ikambambiri…..Eka cari carapfuye.
Laurent Désiré Kabila yashatse guhindura iyo ntwaro abicishije mu Ntambara.

Kubera ko Leta ya Habyarimana mu Rwanda yarimaze gutsindwa na FPR Inkotanyi ya Kagame,iyo Leta isa niyimukiye muri Zaïre yose,Abandi baja Tanzania mu bice vya LUKOLE na LUMASI, ariko abagiye Tanzania ntiborohewe kuko Nyerere yahavuye abirukana bose ku nguvu basubizwa mu Rwanda 1998. Bose barishwe batungerwa ku m’Igano kurya kwingurube.kandi aho harimwo abana bato n’Abagore ataco bari bazi kubijanye na Genocide.
Abagiye muri Zaïre nabo ntawabirukanye,ariko kuva Désiré Kabila yakoze kuri FPR Inkotanyi,na Uganda kugira bamufashe gukuraho Mobutu,barabimwemereye,kanatsinda Kagame yaratomboye kugira asangeyo Abahutu bamucitse!
Aha harasinywe amasezerano atari make muvyo bazohana(Impembo),
-harimwo ko ubutunzi bwo mugice ca Kivu bwociye bwegukira Urwanda na Uganda…n’ibindi.
Urwanda na Uganda baba barinjiye muri Zaïre mu 1996,vyitwako ari Kabila yateye,
Aya manyanga mu bona uyu musi ngo M23 kumbe ari Urwanda ntimugire ni ivyuyu musi,babitanguye kera.

Babahutu bahungira muri Zaïre Abana bato,abagore,abagabo ataco bakoze muri Genocide baba bahuye n’Ibara! Barishwe kugeza kukanyuma.
Impunzi z’Abarundi zahunze 1972 na 1993 bari mumakambi y’Impunzi muri Zaïre nkahitwa Malinde,Mboko na Katanga muri zone ya Fizi,barishwe ubugesera buraduka bazirako ari Abahutu. Bakeyi barokotse bakingiwe n’Abarwanyi ba FDD,bari bajabutse gufasha Mobutu kugira Zaïre ntifatwe,ariko nabo ntanguvu bari bafise,kuko ico kiroberi nticari bwakomere kuko casa nkaho ariho cari kikivuka,ico gihe cari kirongowe na NYANGOMA.
Ico gihe FPR/Inkotanyi na Uganda barafata ibice bibinini cane mu mwanya muto,kuko aho badasanze aba FDD canke aba MaiMai ntibahateba,kuko ntabasirikare ba Zaïre barwana,baca biyirukira bahunga. Ibirwanisho babitaho,aba FDD naba MaiMai bitorera.
Mobutu ntako atakoze arondera hanze yigihigu abomufasha urugamba,haraje Angola,Zimbabwe,…ariko vyaranse FPR Inkotanyi na Uganda baruhuka bafashe Zaïre yose mumezi make cane!
Igihugu bagihindura izina,citwa RDC,indirimbo y’Igihugu irahindurwa,amafranga arahindurwa,….Eka nka vyose!

Urwanda ruca rushinga inzego z’Umutekano na politique muri Congo,mbere ibisata vya gisirikare bikomeye vyose vyatwarwa n’Abanyarwanda. Nka État Major yatwarwa nuyu mu Chef d’Etat Major w’urwanda uyu musi James Kabarebe! Urya yaratwaye Igisoda ca Congo kandi ari umunya Rwanda,murumva aho ubuhemu bwagiye buzanana rero.

Ibaze hageze aho umugaba w’Ingabo aba Kabarebe,wumva muri izo ngabo harimwo abanyatwanda bangana iki??benshi cane.
Igisirikare ca Congo casa n’igitwarwa n’Abanyarwanda,hamwe n’abo Banyamulenge nyene,Abo Bose mwumva ba Makenga,Laurent Nkunda,…n’abandi bose bwagiye barata igisirikare baca bafonda imirwi y’abarwanyi kandi bose uzosanga ari babandi nyene!(Abavuga ikinyarwanda),bisigura ko Igisoda ca Congo cuzuyemwo abanyatwanda benshi,kandi barimwo ari aba Agents ba Leta y’urwanda!
None umuntu nkuyo,mworwana ukamutsinda? Kandi iwawe afisemwo abamukorera?
Inzego zo hejuru nka zose mugisoda ni bo gusa,abapanga urugamba nibo,none wumunesha biciyehe?
Harya Intsinzi ya mbere mu Ntambara ni ukumenya amakuru y’uwo muhanganye,umenye amakuru y’umwansi ni inusu y’intsinzi. Rero FARDC yuzuyemwo intasi z’urwanda gusa!
Tugarutse k’Ubuhemu Congo igenda ihura nabwo butuma ata ntambara yotsinda,
Nukuvuga kuva Urwanda na Uganda bafashe Zaïre,baciye baterekaho Désiré Kabila Atware igihugu,ariko amaze kugishikako yaciye abazunguruka(Kagame&Museveni) yanka gushira mu ngiro amasezerano yabemereye,nabo Kubera bari baripanze neza muri Leta yiwe baciye bamwica atamaze nakabiri,Uwamurashe nuyu musi ntaramenyekana! Babikozekugira bashireho uwundi mu Agent abayoboka. Niko kuzana uwitwa Joseph Kabila bamwita ko arumwna was Désiré KABILA. Uyu nawe ni Umuryarwanda Pure gusa biri mw’ibanga ntangere,uyu yashitse abayoboka cane,muraziko niyo mirwi ya za M23 yavutse ku ntwaro yiwe kandi ntamusi numwe yigeze ayirwanya,ivyo rero yaremeye biravuka kugira ibe System yo kwiba za Zahabu Désiré Kabila yari yaremeye akabahinduka.
Iyo Joseph Kabila abareka kakazicukura ata bantu baje nkabaroberi bahari,Abakongomani bari kumuhinyura ningoga bigatuma bamwiyamiriza. Abazungu nabo kuko aribwo baha inguvu Urwanda na Uganda mu kwirukana Leta ya Mobutu,nabo kugira baze kwisubiza amahera yabo batakaje baciye bafonda umurwi wa ONU(MONUC)munyuma uza kuba(MONUSCO) ngo baje guhagararira amahoro kumbe n’uburyo bwo gusahura ubutunzi bwa Congo. Mwarigenze kubibona birya bi Blondes vya MONUSCO bigize isanganya ko vyari vyuzuye ubutare twa Colta. Harya ntayindi Dili yabajanye Congo,ni ukwiba gusa!
Imyaka 22 iheze ariyo bari,niho ibiroberi vyagwiriye muri Congo.

Mwarumvise ubwabo bitangarije batoshobora guhangana na M23 kuko ifise ibirwanisho bigezweho kubarusha. M23 yosumba ibirwanisho ONU???
Narababwiye mugende muri Google murondere la Charte de l’impérialisme niho mwotahura igituma icarico ONU. (Ni igikoresha c’ibihugu rutura kugira bicinyize bitobito canke ibo badashaka ko barwara) Kanatsinda ivyo bihugu nyene nivyo bishira imitahe muri ONU,nivyo biyitwara,nivyo biyitegeka.!! Joseph Kabila rero wewe kubera yumvira ba se buja,muraziko yatwaye Congo imyaka 18 yose,atawumukoma. Yaje kuvaho abiciye mumatora ariko yaho nyene hakozwe uruyeri rwinshi,kuko Kabila harivyo basezeranye na Kisekedi azogenderako,Kisekedi aravyemera. Burya mumasezerano,bari basezeranyeko Kisedi azoreka Kabila akagumana ububasha bukomeye mu Gihugu,baravugana ko Urwanda narwo rutegerezwa kuguma rutwara Congo,bariya ba China n’Abanyamerika bakaguma bacukura ubutare….Kisekedi yaravyemeye Niko kumutereka ku Ntebe ngo yatsinze amatora. Ariko siwe yatsinze amatora,hari hatsinze Martin Fayulu,baramwivye bashiraho Umu Agent wabo Kisekedi!
Kisekedi ahageze nawe atangura kwihindukiza mum’Asezerano.

Mwarabibonye ingene batanguye gushwana cane n’umugambwe wa Kabila,birakomera gose. Ico gihe cose AFC/M23 yari yarazimye,itakivugwa.
Aho Kisekedi ahinduriye amasezerano M23 yaje gushasha n’Inguvu nyinshi cane!( Aha mica mutahura rero ko bimwe AFC/M23 ivuga ko brwanira agateka kabo ko atarivyo) Ahubwo ni ishami rya gisirikare c’Urwanda rikorera muri Congo!
Mwanasha rirya shami rya Politique AFC rya M23 ritwarwa na NANGA,burya uwuritwara vy’ukuri ni Joseph Kabila. Gusa biri mw’ibanga ntangere.

Murazi iryo shami ryavukiye muri Kenya,ni Joseph Kabila yarishinze,bisigurako urwego rwa Politique rwa M23 rutwarwa na Joseph Kabila,urwego rwa gisirikare narwo rugatwarwa na Paul Kagame!!
Mwumvise ikibuga c’indege ca Kavimu baraye bagifashe,atanurusasu ruvuze,barababisiye bariyinjirira. Ibi vyose uvyumvirije neza uca wumva ubuhemu burimwo.
Abazohabonera ibara ni Abasirikare bab’Abarundi,kuko uwo bagiye gufasha ntibari kuntubero umwe,aha rero ni habi cane!!

Mumisi yavuba na Bukavu bazoyifata,kandi bitagoranye. Mumisi mike na Uvira izoba ifashwe, Uvira ifashwe muribazako umutekano wa Bujumbura uzohagarara neza?? Ntavyo nibaza!!
Intwaro ya CNDD FDD yoba igiye guhitanwa na AFC/M23,ca mwibaza rero ibibazo Uburundi burimwo mwiki gihe,bivuye kunanyepolotike bakunze inda zabo gusumba ubuzima bw’Igihugu,buzoshobora guhangana n’aba bantu??
Mu myaka 20 batwaye, aho gukomeza inzego za igisirikare bakomeje imifuko yabo,aho gukomeza ubumwe mu Barundi,bakomeje ka mwana wa mama,ka mugambwe wanje,ka Ntara yanje….
Muri make bavuye mwishamba ata migambi yo guteza imbere Igihugu bafise,bari bafise imigambi yo kwihora ba Buyoya muvy’ubitunzi gusa!
Kuko uravye ukwo Igihugu kimeze uyu musi Ntaho gihuriye nigihe catwarwa na Buyoya kandi cari mu Ntambara!!
Aho gushira inguvu mw’Iterambere ry’Igihugu bazisize mu kwankanisha Abarundi ngo n’Abakeba!
Reka tuzorabe RED TABARA+M23 niyo babasatura ko umunyagihugu wumu DD atazojana numu CNL gusaba ubuhungiro muri Tanzania. Kandi bagezeyo bazoca baba umwe kuko bazoba basangiye amarushwa!!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments