Akenshi birashika ukaba wunva bavuga yuko igihugu cu Burundi kiri muvyambere gikenye cane kwisi yose ariko se hoba harigihe umaze kwicara ukiyunvira impanvu u Burundi bwama imisi yose buboneka mu bihugu 5 vyambere bikenye cane kwisi iyo hakozwe ubushakashatsi ?
UBM News ( Ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri America ) murino nkuru twabakoreye ubushakashatsi bwerekana impanvu U Burundi bufatwa nk’igihugu gikenye cane kwisi yose, twifashishije site imwe isanzwe isuzuma ibibera kwisi ” Fox business ” bo bavuga yuko kugirango igihugu giharurwe mubikenye ngo hari ibintu vyigenzi bisungako.
Icambere haharurwa ubutunzi igihugu gisanzwe gifise uko bungana hamwe n’inyungu igihugu cinziza muvyo kiba gisanzwe kirangura, ico twokwita mu congereza ” Gross domestic product ” (GDP) , ikindi naco ngo giteza igihugu gukena ngo ni ukuba carahoze muntambara yimyaka canke hakabaho intambara yihonyabwoko ( genocide ) bityo ibintu vyinshi mu gihugu bica vyononekara aho abantu bapfa kubwinshi, ibikoresho bigezweho mwitarembere bikabura, abantu bize baciye ubwenge ugasanga ni bake cane , iterambere muvyubutunzi ryigihugu rikaba rike ndetse nabize ugasanga ntanubuzi bafise, ivyo rero ngo nibimwe biri mubituma igihugu giharurwa mu bikenye cane.
Dukurikije rero kubintu bafatirako, U burundi murazi ko bwahoze muntambara, abantu bapfuye hamwe nivyononekaye ni vyinshi, kugeza ubu murazi ko abenshi mu Burundi yuko batunzwe n’uburimyi, benshi ntibize kandi usanga abakene baguma biyongera kubwinshi cane ndetse nabize nabo usanga hari abadafise akazi, iterambere mu gihugu dukurikije site ya ”african economic ” berekana ko rigenda rirakura bukebuke cane ( 4.6% ) , ubwo ino iri mu mpanvu u Burundi bwama iminsi yose buharurwa mu bihugu 5 vyambere bikenye cane kwisi yose.
Raba hano urutonde rwibihugu 5 vyambere bikenye cane kwisi yose.
5: Liberia, $710 GDP per capita
4: Eritrea, $705 GDP per capita
3: Burundi, $640 GDP per capita
2: Zimbabwe, $571 GDP per capita
1: Democratic Republic of the Congo, $386 GDP per capita
Recent Comments