Ukutamenya gukora neza imibono mpuzabitsina ngo ni kimwe mu bituma ingo zimwe zimwe zisambuka, ivyo bikaba vyashikirijwe mu kiganiro cagizwe hagati y’abantu batandukanye (abagabo, abagore hamwe n’abakiri bato).
Mu bituma ingo zimwe zimwe zitandukana ngo harimwo ukutaba ashikanirwa aho ashaka n’umugenzi wiwe, ivyo bikaba bituma bamwe bamwe bipfuza kuja hanze haba ku bo bigeze guhura canke kuja kurondera uwo yibaza ko ashobora kumufasha ngo ashobore kuryoherwa gusumba.
Muri ico kiganiro abo abagore baramenyesheje ko n’ukutayaga hagati y’abagabo n’abafasha babo bishobora kuba bimwe mu bibitera.
Recent Comments