UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Hakwiye igihano co gupfa ku bantu banyegeza igitoro-Gélase Ndabirabe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe yaraye yifatiye mu gahanga abashingamateka bose ko bari mubatuma igitoro kibura kuko bari mubakinyegeza abandi bakagishora mu gihugu c’urwanda.kubwiwe abona ko hakwiye gushirwaho igihano co gupfa maze uwufashwe ariko yiba canke anyegeza igitoro agaca yicwa vyoheza bigatora inzira.Ibi yaraye abishikirije mu nama nshingamateka ku musi w’ejo igenekerezo rya 13 ruheshi 2024.


Mubikorwa vy’inama nshingamateka vyo kumusi w’ejo igenekerezo rya 13 ruheshi 2024,umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe yaraye yagirije abashingamateka ko ataco bariko barakora kugira ikibazo c’igitoro gitorerwa umuti hamwe n’ibindi bibazo bijanye n’amafranga y’agaciro kuko abo bashingamateka bari mubanyegeza igitoro abandi bakagishora mu gihugu c’urwanda.
Gelase Ndabirabe agira ati:«abantu bari kunyegeza igitoro umuntu agafatanwa ilitiro 3000,5000 uwo muntu abikorera iki?mugaca muvuga ko ata gitoro kihari kandi muri mwebwe usanga mubinyegeza mumazu canke bagenzi banyu mugabo mugaca muhora hanyuma bagaca bagaruka bakakigurisha mahera menshi hama bagaca bitangaza kumwe abazungu batugira mukudushira amananiza n’ingingo zidukenesha bagaca bagaruka bafata mumafyigo batwenga ngo ibihugu vy’afrika ntibizigera bitera imbere kandi bariko badusahura.namwe ntimukore nkuko.abantu banyegeza igitoro kugira bagumure abantu,mwari kuvuga muti igitoro kiriho muburundi nubu igitoro kiriko kiraza none kija he?
Gelase Ndabirabe abona Ko Leta yosubizaho igihano co kwica kuri abo bose banyegeza bakanyuruza igitoro kugira ico kibazo gitorerwe umuti.Ndabirabe arongera ati:«Dusabe Leta isubizeho igihano co kwicwa umuntu afashwe yiba,anyegeza igitoro ace yicwa kumbure vyogabanuka kuko aba bantu bari gusubiza igihugu inyuma no gutera ingorane abenegihugu.Bashingamateka harivyo muvuga rimwe rimwe kumbure mutabona neza;nta bantu bava hano bakaja kuvuga hanze ngo uburundi ntimubuhe igitoro?ngo uburundi ntibushoboye kuriha.ivyo ko mutabivuga?»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments