Mu ntumbero yo gukomeza umutekano w’igihugu n’imbibe z’uburundi hagiye gutanguzwa imyimenyerezo ya gisirikare ku rwaruka rwose rwo mu Burundi rubishoboye,rubikeneye kandi ruvyiyumvamwo.
Urwo rwaruka ruzoshigikira ingabo z’uburundi igihe cose bikenewe nkuko vyaraye bishikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo.

Mumyiyamamazo y’umugambwe CNDD-FDD yabereye mu ntara nshasha ya Burunga ku musi w’ejo igenekerezo rya 17 rusama 2025 ku kibuga citiriwe Nkurunziza peace Park Complexe.umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo yamenyesheje ko urwaruka rugiye guhabwa imyimenyerezo ya gisirikare.
Nkuko vyashikirijwe na Reveriyano Ndikuriyo arongoye umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu,urwaruka rwose rwo mu burundi rubishoboye,ruvyipfuza kandi ruvyiyumvamwo ruhamagarirwa kwitabira akamo ko kwinjira mu rwego rushasha rwo gushigikira ingabo z’uburundi bita FRAD(Force de Réserve et d’appui au Développement).
Nkuko vyerekanwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ryo kuwa 8 Rusama 2025,Uwo rwego rushasha ruzoba rurongowe n’a Gen Major Ignace Sibomana.





Recent Comments