Habonetse iyigiye gusubirira ”Sinzohinduka”

0

Nyuma yaho akubitiye mu gihugu c’urwanda,umuririmvyi Ngendakumana Armel Chabel abenshi bazi kw’izina rya Masterland agiye gushira ahabona iyindi ndirimbo igiye kuza isubirira indirimbo yiwe yakunzwe cane,indirimbo ndetse yigeze kuba indirimbo y’ukwezi ku nsamirizi buja fm,indirimbo Sinzohinduka
Masterland new song
Abicishije ku rubuga rwiwe ngurukanabumenyi facebook,Masterland akaba yamnenyesheje ko agiye gushira ahabona indirimbo sinzohinduka,Masterland akaba yavuze ati:Indirimbo yitwa ‪#‎Mutima‬ kuva kwa ‪#‎Pastor-P‬ ku bufatanye na ‪#‎Bukivlab‬ niyo igize amahirwe yo gukurikira ‪#‎Sinzohinduka‬.. None nkawe nk’intahinduka uyiteguriye gute!? Fyonda ‪#‎Like‬, wandike #Mutima, tubone kuyishashaye.. Tuyibarundemwo.. Ntiwibagire kubimenyesha abandi(Share)..

Tworangiza tubamenyesha ko iyo ndirimbo yayikoreye mu gihugu c’urwanda ku muhinyanyuzi Pastor -P