UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Gutemba si bibi ikibi n’ugutemba ugaherayo-Sixte Niyuhire

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuyobozi mushasha wa Onatel sixte Niyuhire arizeza abarundi ko ibibazo birangwa muri Onatel bigiye gutorerwa umuti vyose.agira ati:«Mutwizere gusa!Muzotubonera mu bikorwa,gutemba si bibi ikibi n’ugutemba ugaherayo.»Ibi yabishikiriye ejo ku musi wa mbere igenekerezo rya 20 rusama 2024 mu gihe hariko haraba ibisikanya hagati yabahora bayoboye Onatel n’abaheruka kugenwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.


Umukuru w’igihugu aheruka kugena indongozi nshasha z’ishirahamwe ryo gutumatumanako ONATEL hari kuwa 15 rusama 2024 aho yagenye Sixte Niyuhire kuba umuyobozi mukuru wa Onatel.Abandi bagenywe n’umukuru w’igihugu n’muyobobozi ajejwe ubudandaji,uwujejwe ubutunzi hamwe n’uwujejwe ubuhinga.

Ku musi w’ejo ku w mbere niho haba ibisikanya kubahahora n’indongozi nshasha.umuyobozi mushasha wa Onatel yarijeje abarundi ko ibibazo birangwa muri Onatel bigiye gutorerwa umuti vyose.Yagize ati:«Turabasavye mutwizere nkuko nyene icubahiro umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yatwizeye.muzoturabira ku bikorwa gusa.ikibi si ugutemba ikibi n’ugutemba ugaherayo.»

Ishirahamwe Onatel ryari risanzwe riri mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi aho mbere vyagaragaye ko mu mwaka wa 2022-2023 ryahomye ntiritange umwimbu.akaba ari muri iyo ntumbero amashirahamwe menshi ya Leta hariko hibonekeza isubirizwa ry’abahora bayarongoye kuko menshi yagaragaye ko atunganywa nabi,gusesagura amatungo y’ayo mashirahamwe ,ibiturire n’ibindi.

Naho biri uko abarundi baribaza igituma abarongoye amashirahamwe ya Leta meshi bakugwa bagaheza bagahabwa ayandi mabanga kandi vyaragaragaye ko baranzwe n’ubusuma bukabije.vyari kuba vyiza babanje kuriha amahera banyuruje agasubizwa mu kigega ca Leta kugira n’abandi babonereho akarorero.ariko bikimeze uko nubu bazobandanya bonona itunga rya Leta uko bashatse kuko badaheza ngo bahanwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments