Guhena kw’ uyu muririmvyikazi ndundi vyatumye yandikwa cane mu binyamakuru mpuza makungu. Raba ngaha amafoto n’ inkuru yose

0

Inyuma yaho amashusho y’ uyu muririmvyikazi ndundi yambaye mu buryo budasanzwe twokwita nkurura bagabo agiriye ahabona, vy’ amaze kuba nk’ umuco ku binyamakuru vyo mu gihugu c’ Ubugande kumwandikako amakuru. Kugeza ubu tukaba tumaze kuronka ibinyamakuru 5 bitandukanye bimaze kumwandikako inkuru zitandukanye.

11816058_731136120346979_1940273076_n

Nkuko ikinyamakuru UBM NEWS cabasezeranyije y’ uko kigiye kurondera Uyo muririmvyikazi IRY Tina kugira aduhe ido n’ ido y’ ayo mashusho ari kugenda yandagazwa mu binyamakuru bitandukanye hamwe n’ imbuga ngurukana bumenyi.

11793240_731135913680333_1106343052_n

IRY TINA kubwiwe ariyamiriza iyo ngeso y’ abanyamakuru bandika inkuru batarinze gutohoza, kuko ayo mashusho yafatiwe mu kirori bari batumiwe. Ati aho bariko baritegurira kwoga muco bita PISCINE mu rurimi rw’ igifaransa kandi akaba yari kumwe n’ abantu batandukanye ndetse bakaba barafashe amashusho menshi atandukanye. Ati kubwiwe nta teka bimutera kubona abamenyesha makuru bagenda bandika ibintu badafitiye ubuhamya, uko bishakiye.

11798030_731158180344773_954453842_n