Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsGitega : Umutama atamenyekanye yatowe ikiziga

Gitega : Umutama atamenyekanye yatowe ikiziga

Ikiziga c’umutama atamenyekanye catowe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere mu kibanza kiriko cubakwamwo inzu muri karitiye ya Nyabisindu, mu gisagara ca Gitega.

Abajejwe intwaro muri iyo karitiye yatowemwo ico kiziga bamenyesha ko uwo mugabo yoba afise imyaka igera nko kuri 75 atamenyekanye, n’icamugandaguye kikaba kitaramenyekana.

Nk’uko abamubonye babimenyesha, uwo mutama ashobora kuba yahitanwe n’ingwara canke inzara ivugwa mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi.

Ikiziga c’uwo mutama kikaba cabaye kirajanwa mu buruhukiro bw’ibitaro vy’i Gitega, mu kurindira ko hari abomumenya.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments