UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Gitega – Umuntu yatowe ikiziga kw’ibarabara Gitega-Rutana

Mu bucagucagu bwo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 ntwarante i Gitega haratowe mw’ikanivo ry’ibarabara Gitega-Rutana ikiziga c’umuntu yapfuye akebanijwe izosi, ico kiziga kikaba ari ic’umugabo yitwa Donatien Simbare yarasanzwe ku metero nkeya zaho bamutoye.

Kuri ico kiziga hakaba haboneka ibimenyetso ko yapfuye ariko arirwanira. Nkuko ababanyi b’uyo muhisi babivuze ngo ashobora kuba yishwe mu bucagucagu bw’uwo musi. Nayo abamutoye bakaba bamutoye isaha icumi n’imwe n’inusu z’agatondo.

Nkuko bishikirizwa n’abaryango b’uyo muhisi ngo ntiyigeze ataha mw’ijoro inyuma y’ukubwira umukenyezi wiwe ko agiye gufata agacupa kwibare. Nkuko amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera Ikinyamakuru Iwacu aho mu ntara ya Gitega babishikirije ngo abajejwe umutekano bamenyesheje ko bishoboka ko ari indwano yoba yabaye yatumye bamwica.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments