Gitega: Imodoka za Transvilles zirukanywe aho zahora zikorera

0

Mu gatondo ko kuruyu wa kabiri, abatwara imiduga y’ishirahamwe Transvilles zikorera mu gisagara ca Gitega birukanywe n’igipolisi aho kuri parking kurya mbere muri karitiye Nyamugari.

bus-bujumbura (1)

Abo ba polisi bakaba bababwiye ko babirukanye kumvo z’umutekano z’uruja n’uruza ruteye umuhagararo aho mu gisagara ca Gitega.

Abo batwara iyo miduga bakaba aashavu kaniga bakavuga ko batabona ukuntu bagiye kubaho kandi bongere babesheho imiryango yabo kuko bisa nkaho babahagarikiye ubuzima. Igipolisi kikaba ata n’ikindi kibanza babungurujemwo. Uwutwara ityo shirahamwe akaba yatubwiye ko agiye kugira ico abivuzeko mu masaha ari imbere.