Gitega: Ikiziga c’umuntu catowe ku ruzi ruvyironza

0

Ikiziga c’umuntu caratowe ku ruzi Ruvyironza rugabura ikomine ya Giheta iri mu ntara ya Gitega n’ikomine ya Nyabihanga iri mu ntara ya Mwaro.

Amakuru dukesha ababa mu micungararo y’ahatowe ico kiziga,amenyesha ko uwo yitavye Imana yaguye mu ruzi igihe yariko arahunga abajejwe umutekano baje kumufata.

Musitanteri wa Komine ya Nyabihanga amenyesha ko uwo mugabo ari mu bakora inzoga itemewe n’amategeko Kanyanga,yaguye mu ruzi ariko agerageza guhunga ngo ntajanwe imbere y ‘ubutungane.

Musitanteri wa Komine Nyabihanga yavuze ko umwidondoro w’uwo yatowe ari ikiziga utamenyekanye,ariko ko bamenye ko avuka ku mutumba wa Rweza uri muri Komine ya Giheta,mu ntara ya Gitega.