Gitega: Ikiziga c’umugabo catowe hafi y’uruzi Ruvyironza

0

Ikiziga c’umugabo yari azwi kw’izina rya Tatien BAHUTA catwe mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 catowe ku mutumba Gasunu , muri komine ya Giheta ,mu ntara ya Gitega.

Amakuru ava aho mu Giheta amenyesha ko Tatien BAHUTA yahora akora akazi k’izamu mw’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO mu gisagara ca Gitega yatowe hafi y’uruzi ruvyironza ruca muri iyo komine ya Giheta.


Nkuko bamwe mu babanyi biwe babimenyesheje, Tatien BAHUTA ashobora kuba yiciwe mu kindi kibanza ,abamwishe baca bazana ikiziga bagita muri ico kibanza.

Mwomenya ko abantu bashika bane aribo bamaze gutrwa bitavye Imana mu ntara ya Gitega.