UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Gitega – Hegereje Pasika Insamirizi Iwacu Humuriza Fm yibwe

logo-iwacu-humuriza-fm-e5151

Amatohoza ngo agiye gutangurwa kw’iyibwa ry’imachine y’inyabwonko yarimwo amwe mu matohoza yariko arakorwa n’isamirizi Iwacu Humuriza Fm ikorera mu ntara ya Gitega ku myimenyerezo ya gisirikare ishobora kuba iriko irakorerwa mu ntara Gitega, ivyo vyashikirijwe n’abajejwe umutekano.

Abasuma bivye iyo nsamirizi bakaba batoboye uruhome rw’inzu yarisanzwe irimwo ivyo bikoresho aho hakurwamwo imwe gusa yarisanzwe irimwo ayo matohoza kuri iyo myimenyerezo ya Gisikare ishobora kuba iriko ibera mu ntara ya Gitega.

Twokwibukanya ko iyo nsamirizi yahoze yitwa Humuriza Fm imbere yuko yifatanya n’ikinyamakuru Iwacu ariho yahavuye ihindura izina yitw Iwacu Humuriza Fm. Nayo ivyo bariko bagirako amatohoza bikaba bitariko bivurwa mu ntara ya Gitega Gusa ahubwo no mu zindi ntara nka Bubanza na Makamba ho bikaba bivurwa ko hamaze gutangwa inkoho zihabwa Imbonerakure.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments