Gitega: Abunguruza abantu basaba umuco kw’itagisi barihishwa

0

Abunguruza abantu mu ntara ya Gitega babajana mu gisagara ca Bujumbura basaba ko itagisi batozwa batritangira mu zindi ntara bacamwo, ariko boritanga mu ntara ya Gitega gusa.

Mu nama yahuje abunguruza abantu hamwe n’umuhanuzi wa musitanteri wa Komine Gitega ajejwe iterambere Monfort Hakizimana,uwuserukira ishirahamwe ry’abunguruza abantu ATRABU mu ntara ya Gitega Hassan Mohammed yavuze ko abunguruza abantu batanka kuriha itagisi.

Naho Hassan Mohammed aserukira ATRABU mu ntara ya Gitega yasaba ko iry tagisi ryotangwa ku munsi ku munsi, abandi bunguruza abantu basavye ko iry tagisi ryotangwa ku mezi atatu.

Monfort Hakizimana yaserukiye komine Gitega yavuze ko ibisabwa n’abunguruza abantu agiye kubishikana ku bamukurira ariko ko ingingo yo kurihisha itagisi izotangura kuja mu ngiro mu ndwi itangura kuwa mbere igenekerezo rya 13 Ruhuhuma, umwaka wa 2017.