Gihanga: Abana bane bapfuye bahitanywe n’isanganya ry’imodoka

0

Abana bane biga mu mashure y’intango,nibo bitavye Imana inyuma y’umutaga wo kuwa mbere igenekerezo rya 13 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 bahitanywe n’isanganya ry’imodoka, ku mutumba Kizina wo muri Komine Gihanga,intara ya Bubanza.

Amakuru ava i Gihanga, amenyesha ko inyanduruko y’iryo sanganya ari uko imodoka yo mu bwoko bwa Probox yunguruza abantu yariko igenda mu muvuduko munini ica ita ibarabara, ihitana abo bana, hamwe n’inzu yari hafi y’ibarabara.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abana babiri baciye bitaba Imana uwo mwanya nyene, mu gihe abandi babiri bitavye Imana bamaze gushikanwa kwa muganga, mu gihe uwariko atwara iyo modoka yaciye ahungira ku bajejwe umutekano kubera gutinya kwicwa.

Abanyagihugu baba kuri iryo barabara rya Gihanga-Bubanza ahabereye isanganya basaba abajejwe umutekano mw’ibarabara gukurikiranira hafi abatwara imodoka batubahiriza amategeko y’ibarabara,kuko ico gice cama kiberamwo amasanganya ahitana ubuzima bw’abantu.