UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Gervais Ndirakobuca ati abarundi nibo bonyene bazozamura igihugu kuko imfashanyo zitangwa atarigera abona ico zamariye uburundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi nta cizere kinini ifitiye abayifasha mw’iterambere. Ivyo vyashikirijwe na Gervais Ndirakobuca umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi mu gihe kuri uyu wa mbere yararamutse ashikiriza imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka ibikorwa yaranguye mu mezi atandatu aheze. Gervais Ndirakobuca yavuze yuko imyaka ari myishi uburundi buronka imfashanyo ariko ataco zungura uburundi. Umushikiranganji Ndirakobuca ati abarundi bonyene bazozamura igihugu.

Gervais Ndirakobuca yagize ati: «…nibaza yuko ikizohagurutsa iki gihugu cacu , kizoba cavuye muri twebwe nyene kuko abafasha uburundi mu vy’iterambere kuva tutaranavuka bamyeho mugabo bagumye bavuga iterambere ry’uburundi muga iryo terambere ntaryo turabona. Nibaza yuko dukwiye gukanura amaso tukabona , mbe izo mfashanyo aho twazironkeye , zakuye uburundi hehe? Zibushikana hehe? Nyimba ata ntambwe turatera, ntitugume twizeye yuko aribo bazoza guhagurutsa igihugu cacu, igihugu cacu ni twebwe nyene tuzocihagurukiriza»

Naho umushikiranganji wa mbere avuga ivyo, abakwirikiranira hagufi ivy’ubutunzi bw’uburundi babona ko nyabuna imfashanyo zitangwa n’amakungu ku Burundi ziba zigirira ikimazi kinini igihugu ari hamwe ingeso yo gusesagura amatungo ya Leta hamwe no kurya ibiturire vyoranduranwa imizi mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments