Gerenade yatewe hafi y’ubunywero bwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA

0

Umutekano wahungabanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu muri zone ya Kamenge, ahatewe gerenade mu bunywero buzwi kw’izina rya « Second Life », hafi y’ubunywero « IWABO N’ABANTU » bw’umuhisi Général Adolphe NSHIMIRIMANA, yigeze kuba umuyobozi mukuru w’urwego rw’igendereza.

Abantu babiri nibo bakomerekejwe n’iyo gerenade yatewe n’abantu bataramenyekana bariko biyunguruza kw’ipikipiki.

Ivyo bibaye inyuma y’iminsi mike gusa hatewe iyindi gerenade muri zone Kamenge nyene, ikaba yahitanye umushingwamanza aba muri iyo zone, hamwe n’abandi bantu bane bari kumwe nawe bakomeretse.