General Major Pontien Gaciyubwenge yiyandikishije mu nzego zijejwe impunzi m’Ububirigi.

0

Le-General-Pontien-Gaciyubwenge

Uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitwararika abahoze ku rugamba Gaciyubwenge Posiayano, uno munsi igenekerezo rya 6 nyakanga yari aramutse yiyandikisha ku nzego zijejwe impunzi i Buruseri hariya mu gihugu c’Ububirigi. Iryo yandikwa ribaye mugihe abo bagirizwa icaha kimwe, na co si ikindi Atari ugushaka gutembagaza ubutegetsi muri rusama igenekerezo rya 13 bobo bariko barabona ayo intozo yaboneye ku mugezi hariya mw’ibohero rya Gitega.

Gaciyubweng
General Major Pontien Gaciyubwenge ari kwiyandikisha.

None Gaciyubwenge yarataye mu rudubi abo bari basangiye umugambi? Biragoye gutahura kuko ntawuzi neza abo bari bawusangiye.

Gaciyubwenge yari azi ko ibintu bitameze neza kuva kare, Ivyo ngo vyatanguye kuva aho umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi Pascal Nyabenda avugiye ku nsamirizi y’igihugu abaza abarundi ico Posiyano yoba ajejwe mu Burundi. Abamuzi cane bamutazira gaca, Abazi agaca barazi amayeri gakoresha kugira gafate inkoko, Posiyano yahagaze ku mpande zose. Aho adakuye agafaranga ahakura abagenzi canke inkuru ashikiriza abamutumye.

pontien

Imvugo yiwe yahinduka ku munsi ku munsi, Hamwe ukamengo ashigikiye ikiringo ca gatatu ahandi ukamengo ashigikiye abakirwanya, Abasirikare baca bibuka ko ari GACIYUBWENGE. Ku munsi w’ukugerageza gutembagaza ubutegetsi Posiyano yaragize isanganya ry’umuduga ryatangaje benshi ariko ntivyamubujije gushika ku nsamirizi RPA.

Inyuma yaho iryo tembagazwa ry’ubutegetsi rinigiwe mu menshi, Posiyano yahavuye ahunga.

Sources : Indundi