General Major Pontien Gaciyubwenge ubu aza yamaze guhunga u Burundi ” soma ngaha wumve igihugu yahungiyemwo.

0

Amakuru yizewe adushikiriye uno mwanya kuri UBM News avuga ko General Major Pontien Gaciyubwenge ubu aza yamaze guhunga u Burundi , igihugu naco yahungiyemwo akaba ari ic’ububirigi.

gaciyubwenge

Gen Major Pontien Gaciyubwenge ni umwe mubahoze arongoye ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi , nyuma yaho Gen Godefroid Niyombare atangirije ko atembagaje ubutegetsi, Gaciyubwenge yaciye aguma yinyegeje kuko ngo nawe yarari muruwo murwi w’abashaka gutembagaza intwaro ya Nkurunziza ku nguvu.

UBM News tubibutse ko amakuru yizewe dufise yemeza neza yuko Gen Major Pontien Gaciyubwenge iyo ari m’ububirigi ko yagiye ahunganye n’umuryango wiwe wose.