Imirwi yitwaje ibirwanisho itandukanye iriko iravurwa ko iriko irashingwa hirya no hino i Burundi ngo uwuri ku mutwe wayo ariko arafasha kuyishinga n’uwahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vy’iperereza General Adolphe Nshimirimana.
Hamwe mu havurwa ko agize igihe aboneka cane muri ino misi ngo ni mu ntara ya Makamba neza neza muri Nyanza-lac aho bivurwa ko agirisha amanama mw’ijoro cane. Nkuko Amakuru dukesha insamirizi y’abanyagihugu avuga nuko General Adolphe Nshimirimana yatanguye kuboneka cane muri ako gace igenekerezo rya 24/1, guhera ico gihe akaba aboneka cane mu masaha y’ijoro muri iyo ntara.
Impamvu bivurwa ko ariko ateguramwo iyo mirwi ngo n’uko ari uko umukuru w’igihugu buca asubira kwitoza, nayo abavurwa ko bariko barakorana nawe ni nka Ndindi, Body Guard na Saidi.
Recent Comments