Gen Godefroid Niyombare n’abagenzi biwe bahungiye mu Rwanda, ubu bariko barategura intambara ikomeye.

0

Kuva aho abari batangaje ko bahiritse ubutegetsi bwa Nkurunziza ariko bakananirwa gushika kuruwo mugambi, bamwe muri bo baciye batangura kwishikana mu maboko ya leta, ndetse ubu batanguye no kugezwa imbere y’ubucamanza, Ariko rero hari n’abandi bashoboye guhunga, kugeza ubu bakaba bataratabwa muri yompi kubera ko bahungiye hanze y’Uburundi.

niyombara

Muri aba bahunze, harimwo Gen Godefroid Niyombare wari umukuru w’abari batangaje ko bahiritse ubutegetsi bwa Nkurunziza. Amakuru yemezwa kandi amaze iminsi atohozwa n’ikinyamakuru kimwe kizwi nka ” IKAZE IWACU ” bo bemeza ko Gen Godefroid Niyombare hamwe n’abandi benshi bari mu gatsiko kiwe, bahungiye mu Rwanda ngo babifashijwemwo na ambasade y’u Rwanda i Bujumbura.

Niyombare hamwe na bagenzi biwe bakigera mu Rwanda, DMI yaciye ibaronderera aho baba vyihuta mu muji wa Kigali kugira ngo abantu benshi batazobikeka bakabitangaza. Yamara ntabwo ngo woturira inzu ng’uhishe umwotsi, kubera ko amakuru yizewe yatanzwe nico kinyamakuru nyene yemeza ko Gen Niyombare na bagenzi biwe ko ubu baba mu mazu y’umugore wa Kagame, Jeannette Kagame, ngwari mu mudugudu uri i Kabuga mu murenge wa Rusororo, akarere ka Gasabo, ni hafi yo ku Murindi , aho uba uri hafi yo gushika ku ruganda rwa Inyange Industries.

7-rwanda
Gen Charles Kayonga ari kumwe na Gen Godefroid Niyombare

Muri kano gace rero ka Jeannette Kagame ngo niho amanama yo gutera Uburundi yose ari kubera, abarwanya leta ya Nkurunziza baba i Kigali, basanga ba Niyombare aho baba bagapanga intambara. Mu nama ziherutse kuba niho abajanama babo bo muri DMI, bababwiye ko bagomba gutangura kwica abantu ba opposition maze ngo bigaca bishirwa kuri leta ya Nkurunziza. Mu bantu bizweho bokwicwa hanyuma bigaca biteza umugumuko ukomeye wa cane mu gihugu ngo ni Léonce Ngendakumana, wo muri FRODEBU, akaba ari nawe perezida wa ADC-IKIBIRI.

Ubwo rero muraburiwe, Léonce Ngendakumana niyicwa muzomenye ko ahitanywe na DMI ifatanyije ngo na Hussein Radjabu, Gen Niyombare, Bernard Busokoza, wahoze ari visi perezida, agahungira mu Rwanda mu ntango z’umwaka wa 2014, n’abandi benshi ubu bamaze kwirunda i Kigali.

Ikindi naco ngo imbere yuko « coup d’état » itangazwa, umuryango wa Gen Godefroid Niyombare, umugore wiwe hamwe n’abana ngo bari baza barahungiye mu Rwanda. Aya makuru abandanya avuga ko igihe Gen Niyombare yari umugaba w’ingabo z’Uburundi, yubatse ubucuti bukomeye na Gen Charles Kayonga, nawe wari umugaba w’ingabo muri RDF ico gihe.

general

Kugeza ubu DMI yafashe ingingo yo kuja ngo kuri « Plan B », kubera ko imyigaragamvyo yananiwe gusandaza ubumwe bw’abarundi. Iyi « Plan B » niyo yatanguye ejo haterwa ibisasu mw’isoko i Bujumbura, bo ngo bazobandanya bice abantu, kugeza uho Nkurunziza azicwa na stress, maze bikaboneka ko igihugu kimunaniye, ico gihe niho bazoca bagaba igitero vyitwa ko ari abarundi baje kuvana igihugu mu kaga. Hatagize igihinduka ngo biteganijwe ko ico gitero kizagabwa mu Cibitoki ca Rugombo.

Abanyarwanda bo ubu barabona neza ko amayeri DMI iri gukoresha mu Burundi, ari yo yanakoresheje mu Rwanda hagati ya ’93 na ’94.

Sources : IKAZE IWACU