Gaston Sindimwo ngo nta mukuru w’igihugu yokwiyongera kuko vyarasezerewe mu Burundi

0

Gaston sindimwo ntarya umunwa mu kumenyesha ko kugira ibiriko biraba mu Burundi birangire hari hakwiye kuba amatora ahurikiyemwo bose. Kubwiwe ngw’abariko baraja mw’ibarabara avuga ko hatari bwagere kubikora kuko ngo bari bakwiye kujayo mu gihe hageze ko amatora y’umukuru wigihugu aba, ivyo akabivuga ngo kubera hegereje amatora y’abajenama b’ama commune n’abashingamateka azoba igenekerezo rya 26 rusama.

DSC_0016

Sindimwo anamenyesha ko hari amajambo akoreshwa n’abantu atarakwiye gukoreshwa, akaba yavuze ko Uburundi bwasezereye abakuru b’ibihugu biyongera ariko bagaha ikaze abakuru b’ibihugu bongerwa n’abanyagihugu. Ngo nta mukuru w’igihugu azoshobora kwiyongera nayo ng’uwoshaka gukura umukuru w’igihugu c’Uburundi nace kw’isandugu y’amatora, agatumirira abo bose bari mw’ibarabara ngo baje mu matora banke kumutora nayo abanyamigambwe ngo ni bigishe cane abantu ntibazomutore.

Mwomenya ko Gaston Sindimwo ari umuvugizi w’umugabwe UPRONA usanzwe wegamiye CONCILIE Nibigira, ndetse bo kugeza ubu bakaba baranatanze uwuzowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu ikindi naco bo baza baranatanguye imyiyamamazo mu mice itandukanye y’Uburundi.