Gambia:Adama Barrow Arimikwa Abe Umukuru Wigihugu Uyu Musi.

0

Abantu ibihumbi bakoranye muri Gambia ku bw’ukwimika umukuru w’igihugu mushasha Adama Barrow, inyuma yo kugwanira ubutegetsi igihe kirekire vyatumye anahunga igihugu akaja muri Senegal.

Abakuru b’ibihugu ba Africa batandukanye baritezwe muri ivyo birori. Adama Barrow niwe mukuru w’igihugu ca Gambia agira gatatu muri kahise k’igihugu ca Gambia.

Barrow yarahiriye gutwara ico gihugu mu kwezi guheze mu gihugu kibanyi ca Senegal imbere y’uko uwo yasubiriye Yahya Jammeh arekurira ubutegetsi.

Amasinzi y’abantu bitavye ivyo birori

Ibirori bidasanzwe bikaba bibera ku murwa mukuru wa Gambia ariwo Banjul.
Amasinzi menshi y’abantu yatonze kugira ashobore kubona neza mukibuga kugira bibonere kahise kico gihugu kandi.

Adama Barrow yaremeye ko agiye gukura igihugu mu buja cashizemwo na Jammeh yatwaza umukazo.Abafungwa benshi ba Politike baramaze kurekurwa kandi Gambia ireteguye guhamvya amashirahamwe mpuzamakungu nka Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) na wa Muryango w’ibihugu bivuga Icongereza(Commonwealth).

Umukuru wa Gambia Adama Barrow

Mu kiganiro yatanze kuri BBC imbere y’uko atotrwa, Barrow yaravuze ko abanya Gambia “bacumukujwe mu kiringo c’imyaka 22” kandi ko ubu biteguriye ihinduka.
Ni mugihe uwo yasubiriye ariwe Jammeh yari yarigeze kuvuga ko azotwara ico gihugu ca Gambia imyaka amamiliaridi.