Gambia: Umukuru w’igihugu Adama Barrow aritezwe mu gihugu

0

Abegereye umukuru w’igihugu ca Gambia, Adama Barrow, bavuga ko yitezwe mu gihugu kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Nzero 2017.

Umukuru w’igihugu Adama Barrow yashikirijwe ubutegetsi mu gihugu ca Senegal igihe abategetsi bo mu karere ka Afrika yo mu burengero CEDEAO bariko baragondoza uwahora atwara ico gihugu, Yahya Jammeh ngo ave ku butegetsi.

Amakungu yasavye umukuru w’igihugu Adama Barrow gutahuka mu gihugu ca Gambia kugira igihugu kigire uwukiramutswa.

Amakuru ava mu gihugu ca Gambiya amenyesha ko ,umukuru w’igihugu Adama Barrow ashikira ku muhana iwe ,mu kurindira ko ikirimba c’umukuru w’igihugu kigenzurwa kugira barabe ko ata kintu kihari comugirira nabi
Abasirikare batari bake bo mu bihugu vya Afrika yo mu burengero baracari mu gihugu ca Gambia.