G-BO ARIDOGERA SAT-B KUBONA YARAMWIVYE INDIRIMBO GENERATION MOTO MOTO

0

Umuririmvyi w’umurundi Gibbon aridogera cane umuririmvyi BIZIMANA Aboubackar Karoum ariwe Sat-b kubona yaramwivye indirimbo GENERATION MOTO MOTO kandi yarazi neza kwarigwiwe,akayisoohora atamusavye n’uruhusha.
G Bo
Mu kiganiro ikinyamakuru canyu caraye kigiranye n’umuririmvyi Gibbon avugako indirimbo GENERATION MOTO MOTO ari gwiwe,uyo muririmvyi akaba yaragaragaje umubabaro aho yatumenyesheje ko Sat-b yakoze amakosa akomeye kumwiba indirimbo,Gibbon akaba yatubwiye ko iyo ndirimbo ari gwiwe na Sat-b abizi,Gibbon akaba yatumenyesheje ko iyo ndirimbo yigeze kuyisohora muri studio ku muhinyanyuzi LYZZER arikumwe na Sat-b nyene ariko hamaze kub aingorane mu gihugu Lyzzer akagenda gukora mu nzu ihinyanyura indirimbo ya Diamond muri Tanzania,Sat-b yaciye ahitamwo kumuca inyuma Gibbon aja mu Rwanda kuyikorerayo aca ayikorana n’umuririmvyi NSHIMIYIMANA Mouhamed Azwi nka Nizzo Kaboss ahurikiye mu mugwi Urban Boys.
Tumubajije ico yakoze igihe Sat-b yasohora iyo ndirimbo,Gibbon akaba yatwishuye ati: Ubwa mbere narumiwe kubona Sat-b asohora indirimbo itari,naramwandikiye Sat-b ndamubaza igiotuma yasohoye indirimbo yanje atansavye uruhusha,Sat-b akaba yanyishuye ati:Petit Frere indirimbo ndaziko ari gwawe so nabonye utebejev kuyisohora mpitamwo kuyisohora.
generation moto moto
Igitangaje kandi icababaje Gibon ngo nuko Sat-b yasohoye iyo ndirimbo atamusavye uruhusha.
Tworangiza tubamenyeshako atariu irya mbere Sat-b yagirizwa kwiba indirimbo z’abandi tubibutse indirimbo WEZELEWEZELE indirimbo Sat-b yakoranye na Big Fizzo ,iyo ndirimbo bikaba vyaravuzweko Sat-b yayivye umwe mu baririmvyi bo ngaha mu Burundi.