Frederic BAMVUGINYUMVIRA yahagaritswe mu runani CNARED

0

Hisunzwe ingingo No 001/PR/2017 yateweko umukono n’umukuru w’urunani CNARED-GIRITEKA Muganga Jean MINANI , Frederic BAMVUGINYUMVIRA yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu akaba kandi arongoye umugambwe SAHWANYA-FRODEBU yakuwe mu runani CNARED.

Muri iyo ngingo yateweko umukono n’umukuru w’urunani CNARED-GIRITEKA kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2017,Komite nshingwabikorwa n’uburongozi bwa CNARED-GIRITEKA yahagaritse kandi Alice NZOMUKUNDA yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu gushika hakoranye inama yemeza ko abandanya guhagarikwa canke asubizwa mu runani.

Hejuru y’abahagaritswe n’iyo ngingo, Umugambwe ADR-IMVUGAKURI nawo nyene ntukiri mu rutonde rw’imigambwe igize urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta CNARED –GIRITEKA.

Nkuko amakuru dukesha abegereye uburongozi bwa CNARED abimenyesha, ukutumvikana mu runani CNARED –GIRITEKA kwatanguye kwibonekeza inyuma y’umubonano wahuje umuhuza Benjamin Mkapa n’abanyepolitike,aho bamwe mu bagize urunani CNARED basabwe kutitaba ubutumire,ariko bakabwitaba.