UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Frédéric Bamvuginyumvira avuga ko amabi Leta ya Tanzaniya iri gukorera Impunzi z’abarundi ateye ubwoba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta ya tanzaniya iherutse kumenyesha impunzi Z’abarundi ziri mu nkambi ya Nduta ko zihawe ikiringo kitarenga ukwezi kwa Gitugutu ko bose bategerezwa kuba basubijwe mu Burundi.Leta ya Tanzaniya ikaba yaramenyeshe Ishirahamwe rijejwe Impunzi kw’isi”HCR”n’ayandi mashirahamwe bisanzwe bifashanya na HCR ko gushika mu kwezi kwa cumi amashure,amashengero n’amavuriro biri mu nkambi ya Nduta bitegerezwa kuba vyugawe.umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu afashanije na HCR nibo bagiye gushira mu ngiro ico gikorwa.n’inyuma yaho umukuru w’ingabo z’igihugu ca Tanzaniya Jenerari Jacob John Mkunda avuze ko abo barundi baza guhungubanya umutekano w’igihugu.bikavurwa ko n’izindi nkambi nazo zizoshikirwa muri uwo mugambi wo gutahukana impuzi mu ziri muri Tanzaniya.

Frédéric Bamvuginyumvira akavuga ko Leta ya Tanzaniya iri guhonyonga amategeko mpuzamakungu agenga impunzi ibigirankana kubera ubucuti buri hagati ya Leta y’uburundi n’igihugu ca Tanzaniya.

kubw’inkuru dukesha radiyo Inzamba agateka kawe,Frédéric Bamvuginyumvira Agira ati:«nta gihugu na kimwe turumva gishobora kwirukana impunzi uretse Tanzaniya.none izo mpunzi ziri muri Tanzaniya ntizisa n’izindi mpunzi ziri mu bindi bihugu?ni kuki ari Impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya zituzwa gusa?iki n’ikibazo umuntu yobaza ndetse yitonze Leta ya Tanzaniya kuko nari nasavye ko nja kuraba ambasaderi wa Tanzaniya tuganire kuri iki kibazo ariko nta nyishu bampaye.rero abarundi bariko bararenganywa .nagire nibutse Leta ya Tanzaniya ko abo bantu ari abantu nk’abatanzaniya ari abantu nkabandi bose bo kw’isi bafise uburenganzira bwo kw’isi.nkubu babujijwe kudandaza utuntu twobabeshaho kuberako imfashanyo baguma bayigabanya mbere haraho bicwa abandi bagapfungwa abandi bagakorerwa ivya mfurambi.Tukaba tugiye kuvugana n’abatwara HCR I Jeneve tubamenyeshe ico kibazo.

».
Tubibutse ko amategeko mpuzamakungu agenga impunzi kw’isi avuga ko ata mpunzi yemerewe gutahukanwa ku nguvu yonyene itavyishakiye.Leta ya Tanzaniya hamwe yokora iryo kosa yoba ihonyanze amategeko mpuzamakungu agenga impunzi kw’isi.Leta y ‘uburundi nayo ikwiye kuraba neza ntirwe mur’uwo mutego ngo itahukane abarundi bari mu nkambi ya nduta ku nguvu mu gihe bavuga ko umutekano wabo udakingiweneza.hari hakwiye kuba ubwumvikane hagati ya Leta ya Tanzaniya,HCR n’uburundi bagatahukana abarundi bumva babishaka ariko ntihakore inguvu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments