Freddy Mbonimmpa Yafashe Ingingo ruhasha Ku Mutekano Muke Wabaye Ndanse Mu Kamenge.

0

Abantu babiri barapfuye hama abashika 12 barakomereka mu bitero vyakozwe n’abantu bitwaje ibigwanisho batazwi muri Zone ya kamenge mu Gisagara ca Bujumbura mu mayinga abiri aheze.Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yarafashe ingingo ruhasha kugira umutekano wo muri iyo zone ugarukirwe.

Itariki 4 za Rusama isaha zibiri z’agatondo, Jean Claude Bararufise, umupapa w’imyaka 38 afise abana batatu, yariko ataha aja muhira iwe avuye ku kazi arindiye imodoka “kuri Gare du Nord”, niko Umukobwa wiwe avuga. Yariko aja mu Mirango mu kamenge, kwibararabara rya 6 aho abantu bitwaje pistolet bamurasa.Hakaba hari nuyundi mupfasoni yakomeretse muri ico kibanza.

Kamenge: abaje kuremesha uwabuze umuntu mwivyo bitero.

Bararufise hamwe nuyundi yishwe hariko nabakomeretse mu mayinga aheze.Bivnye nivyo bitero, Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa yaciye ashiraho amategeko ntabanduka. “Nta mapikipiki yemerewe kugendeshwa mwako karere ka kamenge inyuma y’isaha 12 zumugoroba, kandi ibibanza vyose vyerekanirwamwo amsinema bitegerezwa kwugarwa burundu”, niko Freddy Mbonimpa,Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yavuze.

Ivyo akaba yabivuze mu nama y’umutkekano muri zone ya kamenge ku musi wa gatanu uheze. Avuga ko abikika mu kiza bagakora ivyo bitero ari abanyonga amapikipiki canke bakinyegeza mu bibanza vyerekanirwamwo amasinema.

Freddy Mbonimpa arabandanya avuga ko impamvu zivyo bitero ari ukadahanwa, inzoga zibujijwe, hamwe nukudanwa ku bategetsi bamwe bamwe.

Umupfasoni wa Bararufise yabwiye Ikinyamakuru Iwacu ko “ata nakimwe yoja gusaba Ubutungane ngo bukore amatohoza kuko amatohozwa yose yakozwe hishwe abantu ata nakimwe yavuyemwo”.