Frank-Walter Steinmeier, Adahuza naTrump, yatowe ngo abe umukuru w’igihugu c’Ubudagi

0

Inama nshingamateka y’Ubudagi yatoye kuruyu musi wa mungu Frank-Walter Steinmeier, yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire, kugira abe umukuru w’igihugu mushasha w’Ubudagi.

Frank-walter Steinmeier afise imyaka 61, akaba yakundwa cane n’abanyagihugu benshi bo mu Budagi.Naho ari umucamanza akunze kurabirwa mu vyo avuga, mu gihe c’imyiyamamazo yo mumatora ya Leta zunze Ubumwe za Amerika, Steinmeier yavuze ko Donald Trump ari umuntu “akwiragiza urwanko”.

Frank-Walter Steinmeier, yatowe kugira abe umukuru w’Ubudagi

Inyuma y’aho uyo mutunzi karuhariwe atsindiye amatora yo muri Amerika, Steinmeier yaciye avuga ko imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubudagi ko “yogenze nabi cane” kandi avuga ko abo bakorana bariko bararaba ikintu “ciza kandi gihurijweko na bose” mu migenderanire na Donald Trump.

Ikinyamakuru co mu Budagi MORGENPOST cavuze ko Steinmeier aboneka neza ko aje “arwanya Trump”. Itorwa rya Steinmeier rirateye ubwoba bamwe bamwe bo mu Buraya bw’ubuseruko, abamubona ko ahengamiye kuri Vladmir Putin, umukuru w’igihugu c’uburusiya,ubu asanzwe adafise imigenderanire myiza n’abategetsi benshi ba Buraya na Amerika.

Steinmeier kandi yarongeye aranebagura ibihugu bari kumwe muri OTAN ku bikorwa vya Gisirikare biriko bibera muri Pologne ko ari “ukwitwara nabi mu gisirikare”, ivyo na Putin yiyamiriza yivuye inyuma.