Monday, September 26, 2022
HomeNewsForbes: Urutonde Rw’Abatunzi 25 Karuhariwe Bo Muri Afrika

Forbes: Urutonde Rw’Abatunzi 25 Karuhariwe Bo Muri Afrika

Umutunzi karuhariwe wo muri Nigeria Aliko Dangote niwe akiza mu kibanza ca mbere mu batunzi karuhariwe ku mugabane wa Afrika twisunze urutonde rwo mu 2017, rushirwa ahabona n’Ikinyamakuru Forbes.

Ubutunzi bwa Dangote buharurwa ko bugeze ku mamiliyaridi 12.2 y’amadolari y’Abanyamerika(12.2 US $).

Hari abatunzi karuhariwe 25(Bafise amamiliyaridi y’Amadolari y’Abanyamerika US $), mu gihe mu mwaka uheze hariho 24.

Abagwizatunga bava muri Nigeria Femi Otedola na Abdulsamad Rabiu ntibaroraniwe kuja kuri runo rutonde uyu mwaka.

Aliko Dangote, Umutunzi Karuhariwe wa mbere muri Afrika

Umutanzania Mohammed Dewji niwe akiri umutunzi karuhariwe wo hasi muri Afrika mu gihe ubutunzi bwiwe buharurwa mu madolari y’Abanyamerika umuliyaridi 1.09 (1.09 US $).

Abatunzi karuhariwe b’abagore bashoboye kuja kuri uru rutonde mwuwu mwaka wa 2017 ni Isabel Dos Santos ava muri Angola n’umugwizatunga Folorunsho Alakija adandaza ibitoro ava muri Nigeria.

Aliko Dangote , niwe yatanguje yongera agahagarikira Ishirahamwe rya Dangote Cement ihurumbirwa cane muri Afrika. Bikavugwa ko afise ibice 90% vy’ubutunzi bwiryo Shirahamwe.

Mohammed Dewji wo muri Tanzania ni umutegetsi wo ku gwego rwo hejuru atwara ishirahamwe METL ryatangujwe na Se wiwe mu myaka ya 1970. Iryo Shirahamwe rirakora urudandaza rwimpuzu, ifu, ibinyobwa n’ibitoro, kandi rikaba rikorera mu bihugu birenga bitandatu vyo muri Afrika.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...