FOOTBALL: UBURUNDI bwaraye butsinze umugwi wa SHEYCHELLE 2-0

0

INTAMBA MU RUGAMBA zayaraye zitsinze umugwi nserukiragihugu wa SHEYCHELLE ibitsindo bibiri kubusa 2-0 urwo rukino rukaba rwashoboye kubonekamwo ubuhinga butari buke haba kuruhande rw’umugwi nserukira gihugu w’Uburundi haba nokumugwi nserukiragihugu wa Sheychelle yombi yarashoye kwerekana urukino rushemeye kuraba.

fanss

ff

goel

imvura

int1

inta

intt

Igice cambere iyo migwi kwaribiri vyarabonekako yanganya umupira kuko igice cambere cose carangiye ari ubusa kubundi, iice cambere harashoboye kugwa imvura itarinke gushika naho abakinyi bivana mukibuga haheze nkiminota 15 baca baragaruka mukibuga bakaba bagiye kuruhuka bakiri ubusa kubundi.
Igice cakabiri niho INTAMBA MU RUGAMBA zagarutse mukibuga zazikenye zirakomera kuko zashoboye kwerekana abarorezi bari baje kuzishigikira batari bake niho muminota mirongo itatu “30” yanyuma INTAMBA zatangura kuronka igitsindo cambere cinjijwe numukinyi Fiston Abdul RAZAK, urukino rugiye nko muminota 10 rugiye kurangira niho kandi umukinyi Fiston Abdul RAZAK yashinda igitsindo giciye kuri penarite yakoreshejwe na Abasi urukino ruba rurangiye ari: UBURUNDI 2-0 SHEYCHELLE.
Tworangiza tubamenyeshako izinkino ari ugukuranamwo kugira bazomenye imigwi izokwitaba inkino zigikombe c’isi yose kizoba mu mwaka wi 2018.