FNUAP ibandanya yizigira NATACHA NGENDABANKA .

0

Umuririmvyikazi w’ umurundi Natacha NGENDABANKA abandanya yizigigwa na FNUAP mu kubandanya atumirwa mu biteramo vyiryo shirahamwe FNUAP.
Mu ntumbero yo kwigisha abantu ingene bakwiye gukoresha agakingirizo iryo shirahamwe FNUAP ryateguye igiteramo gikomeye cane kiba kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 18/9/2015 kuri JARDIN PUBLIQUE,muri ico giteramo hakaza kuba hari uyo muririmvyikazi Natacha NGENDABANKA kuko niwe asanzwe ariwe yatowe nkuwusukira iryo shirahamwe muri ico giteramo.
natacha comference

Mu kiganiro rero Nataha yaraye ahaye abanditsi n’ abamenyeshamakuru kuri Hotel Club Du Lac Tanganyika akaba yavuze ko ico giteramo aciteguriye cane,akanararikira abantu ko boza ku bwinshi kuko ngo azagukora ibikomeye cane kuri Jardin Publique.
natacha comference
Twobamenyesha ko Natacha atazoba ari wenyene muri ico giteramo kuko hazoba hariho abandi baririmvyi nka LOLILO,PEACE AND LOVE hamwe na BOBONA.