FNL – Jacques Bigirimana yarahatswe kugandagurwa n’abacungera umutekano wa Rwasa Agathon

0

tentative-dassassinat-sur-la-personne-du-prc3a9sident-du-fnl
Mu gihe umugambwe FNL wemewe na Leta ya Bujumbura ariyo yo kwa Jacques Bigirimana bariko barakora imyiyamamazo ukuri kwamye, ngw’abegamiye FNL yo kwa Rwasa agathon nabo babandanya batera akaguma aho bariko barakorera.

Ku musi wa  mungu mu gatondo aho Jacques Bigirimana yararamutse aja ku musaga gukorerayo imyiyamamazo, umurwi utari muto w’abasore begamiye umugambwe FNL yo kwa Rwasa Agathon barashatse kugandagura Jacques Bigirimana ariko Imana irakinga kubera abajejwe umutekano wa Jacque Bigirimana baciye bamuhungisha hasigara umunyamabanga w’umugambwe.

Muri abo basore ngo haramenyekanyemwo uwarabarongoye asanzwe ari mu bajejwe umutekano wo kwa Rwasa Agathon kandi akaba n’umwe mu barwanyi basubijwe mu buzima busanzwe nkuko ikinyamakuru Bujumbura News kibishikiriza.

Amakuru dukesha urwo rubuga nyene abandanya avuga ko abanyamugambwe ba FNL yo kwa Jacques bigirimana babandanya bahunga kubera amateke bandikirwa n’abanyamugambwe ba FNL yo kwa Rwasa agathon babamenyesha ko nka hamwe bihenze bakaja mu myiyamamazo bazoca bacibwa imitwe.