Fiki Entertainment ibazaniye Mix Event

0

Mu ntumbero yo kumenyekanisha ibikorwa vy’urwaruka na cane cane rukora imyuga yo gufotora hamwe n’ubu Dj, ishirahamwe FIKI entertainment ririko ritegura MIX-EVENT.
MIX-EVENT ikaba ari ihuriro rizohuza urwaruka rukora iyo myuga hamwe n’abandi bifuza kumenyekanisha ivyo bakora kugira ibikorwa vyabo bije ahabona.
Kuri uyo musi Fiki Entertainment ikaba izo shira ahabona ibikorwa n’ubuhinga hamwe n’ibindi vyinshi bitandukanye vy’inyegeje m’urwaruka kandi bishobora gukora muguteza imbere no mugutanga ishusho nziza y’igihugu c’uburundi.
fiki
Iryo shirahamwe rero rikaba rije gukorana cane n’urwaruka cane cane mu bijanye n’ibitaramo hamwe n’ugufasha urwo rwaruka kwerekana ibikorwa vyabo.Ico gikorwa rero kikaba kiri no muntumbero yo kwimenyekasha.
FIKI Entertainment rikaba rihamagarira cane urwaruka kubitura no kwitabira ico gikorwa,hamwe n’amashirahamwe yifuza kumenyekanisha ivyo bakora mu rwaruka gukorana na Fiki kuko uburusho ari bwinshi,
Iryo huriro rikaba rizoba rw’igenekerezo rya 14 Munyonyo uno mwaka wa 2015,mu kabondo ahitwa kuri ENZOGU

Source:Isangi News